Ikirundi
Amakuru
/assets/ct/e5be1b2cc6/images/syn_placeholder_sqr.png

Amakuru

 

2014-10-07

LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova baragize ibikorane vy’intibagirwa ku kibuga c’inkino citwa MetLife Stadium

Abantu ibihumbi bari buzuye mu kibuga c’inkino citwa MetLife Stadium mu gisagara ca East Rutherford co muri New Jersey muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baje ku bikorane mpuzamakungu vyari vyataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera ubwami bw’Imana!” vyabaye kw’igenekerezo rya 20-22 Ruheshi no ku rya 27-29 Ruheshi 2014.

2014-10-07

Eritrea

Imyaka 20 iraheze bapfunzwe muri Eritreya​—Boba bazoteba bakarekurwa?

Abasore batatu b’Ivyabona baramaze imyaka 20 bapfunzwe, kandi ntibarigera baburana. Hari n’abandi benshi bapfunzwe. Eritreya yoba izoteba igahagarika urwo ruhamo rushingiye kw’idini?

2014-10-07

Turkmenistan

Inabibondo wo muri Tirkimenistani yapfunguwe

Bibi Rahmanova yararekuwe atari avyiteze ku wa 2 Nyakanga 2014. Naho amakungu yasemereye, abacamanza ntibamwejeje.

2014-11-19

UBUDAGI

Ibirori vyo kwibuka Icabona ca Yehova yagandaguwe n’Abanazi

Ku wa 16 Nyakanga 2014, ikigo cashinze icibutso kiri i Brandebourg caratunganije ibirori bidasanzwe vyo kwibuka imyaka 75 iheze August Dickmann agandaguriwe mw’ibohero ry’i Sachsenhausen. Ni we muntu wa mbere yishwe ku mugaragaro n’Abanazi mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, azira ko yanse kuja mu gisoda abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima..

2014-10-14

LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Lillian Gobitas Klose, uwabaye imbarutso y’urubanza rw’intibagirwa rwaciwe na Sentare ntahinyuzwa mu 1940 akiri akanyeshure, aheruka gupfa afise imyaka 90

Ingingo yafashe yo kutaramutsa ibendera yatumye haba urubanza rw’intibagirwa muri Sentare ntahinyuzwa yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

2014-09-23

Turkmenistan

Umuvyeyi w’akana k’imyaka ine acirirwa ku karenganyo umunyororo muri Tirkimenistani

Leta ya Tirkimenistani yamye ifata nabi Ivyabona vya Yehova kandi yamye ibima ibintu vyose zina muntu afitiye uburenganzira. Bibi Rahmanova n’umuryango wiwe baheruka kurenganywa n’abategetsi b’i Dashoguz.

2014-08-07

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona bagira isekeza ryo kumenyekanisha umuhora wa internet uri mu ndimi nyinshi kuruta iyindi mihora yose, ari wo JW.ORG

Muri Myandagaro, Ivyabona vya Yehova bazotangura isekeza kw’isi yose ryo kumenyekanisha umuhora wa jw.org no gutanga agapapuro gashasha kavuga ngo Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?

2014-08-06

UBURUSIYA

Sentare y’i Taganrog yarakubise intahe mu gahanga Ivyabona vya Yehova ibahora ibikorwa bakora bijanye n’ugusenga

Ukwo gukubitwa intahe mu gahanga kurashobora gutuma Ivyabona vya Yehova barenga 160.000 bo mu Burusiya batakaza umwidegemvyo wabo ujanye no gusenga.

2014-08-01

UKRAINE

Ukudahana ivyaha kuriko kurasasira indava ikibi muri Ukraine

Ubukozi bw’ikibi bugirirwa Ivyabona vya Yehova buguma bwongerekana bitumwe n’uko bene kubukora badahanwa.

2014-08-13

Croatia

Ivyabona batabara abashikiwe n’ivyago mu karere ka Balkans

Abitanga barihutiye gufasha no kwirura abasinzikajwe n’imyuzurira yateye muri Rusama 2014, ikaba itari bwakaboneke muri Bosnie-Herzégovine, muri Krowasiya no muri Serbiya.

2014-08-13

Ibirori vyo kwibuka Ivyabona vya Yehova vyabereye mw’ibohero ry’i Gusen

Ku wa 13 Ndamukiza 2014, harabaye ibirori vyo gushira ahabona ikimenyetso co kwibuka Ivyabona 450 Abanazi bapfungiye mw’ibohero ry’i Mauthausen n’iry’i Gusen muri Otrishe.

2014-07-28

UKRAINE

Raporo yerekeye Ivyabona bo muri Ukraine no muri Crimée

Naho hari intureka, Ivyabona bo muri Ukraine no muri Crimée bazogira amahwaniro ashika 40 y’akarere yerekana ko tuzobaho mu mahoro muri kazoza dutwarwa n’Ubwami bw’Imana.

2014-07-10

UBURUSIYA

Ivyabona vya Yehova baburana i Taganrog

Ivyabona bo mu Burusiya barahakwa kwakwa umwidegemvyo wo gusenga. Umviriza ivyavuzwe n’Ivyabona 16 bitwariwe be n’ivyavuzwe n’abashingwamanza babo.

2014-07-11

MEGIZIKE

Ivyabona baja mw’ihayanishwa ry’ibitabu be n’ibinyamakuru ryabaye mu 2014 mu gisagara ca Mexico

Kw’ihayanishwa ry’ibitabu ryo mu 2014, Ivyabona vya Yehova bahayanisha ibitabu vyabo bitandukanye bishingiye kuri Bibiliya be n’amavidewo.