UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 6-7

“Ubu ugira ubone ico nzokorera Farawo”

“Ubu ugira ubone ico nzokorera Farawo”

6:1, 6, 7; 7:4, 5

Yehova yabanje kubwira Abisirayeli ivyo yari agiye gukora imbere y’uko ateza ivyago Misiri be n’uko abakura mu buja. Botegerejwe kubona ububasha bwa Yehova bwigaragaza mu buryo batari bwigere babona kandi ata gukeka, Abanyamisiri bobwirijwe kumenya Yehova uwo ari we. Igihe ivyo Imana yasezeranye vyaranguka, ukwizera kw’Abisirayeli kwarakomeye kandi ivyo vyatumye bananira akosho k’amadini y’ikinyoma bari babayemwo mu Misiri.

Ni gute iyi nkuru yo muri Bibiliya itumye urushiriza kujijuka ko ibintu vyose Yehova yasezeranye muri kazoza bizoranguka?