Kuvayo 6:1-30
6 Nuko Yehova abwira Musa ati: «Ubu rero ugira ubone ico nzokorera Farawo+. Ukuboko kwanje gukomeye kuzotuma abarekura. Emwe, ukuboko kwanje gukomeye kuzotuma abirukana mu gihugu ciwe+.»
2 Imana yongera kubwira Musa iti: «Ndi Yehova.
3 Igihe niyereka Aburahamu, Izahaki na Yakobo, narabahishuriye ko ndi Imana Mushoboravyose+, ariko sinabahishuriye insobanuro yuzuye y’izina ryanje Yehova+.
4 Naragiraniye kandi isezerano na bo ry’uko nzobaha igihugu ca Kanani babayemwo ari abanyamahanga+.
5 Ubu rero numvise ukuniha kw’Abisirayeli bari mu buja mu Misiri, nca nibuka isezerano ryanje+.
6 Bwira rero Abisirayeli uti: “Ndi Yehova. Nzobakiza ibikorwa biruhisha Abanyamisiri babakoresha, kandi nzobakura mu buja bwabo+. Nzobarokora nkoresheje ukuboko kwanje kw’ububasha* n’ibihano bikomeye+.
7 Muzoba abantu banje nanje mbe Imana yanyu+. Muzomenya vy’ukuri ko jewe Yehova Imana yanyu ari jewe ndiko ndabakura mu bikorwa biruhisha Abanyamisiri babakoresha.
8 Nzobajana mu gihugu narahiye* ko nzoha Aburahamu, Izahaki na Yakobo, kandi nzokibaha kibe rwanyu+. Ndi Yehova+.”»
9 Mu nyuma, Musa ashikiriza ubwo butumwa Abisirayeli, ariko ntibamwumviriza, kubera bari bacitse intege no kubera bari barembejwe n’ubuja+.
10 Maze Yehova abwira Musa ati:
11 «Genda kwa Farawo umwami wa Misiri, umubwire arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.»
12 Ariko Musa yishura Yehova ati: «Raba n’Abisirayeli banse kunyumviriza+! None Farawo yonyumviriza gute n’ingene ntazi kuvuga neza+?»
13 Mugabo Yehova asubiriramwo Musa na Aroni ivyo bategerezwa kubwira Abisirayeli na Farawo umwami wa Misiri, kugira bakure Abisirayeli mu Misiri.
14 Aba ni bo bari abakuru b’imiryango yabo: abahungu ba Rubeni imfura ya Isirayeli+ bari Hanoki, Palu, Hesironi na Karumi+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Rubeni.
15 Abahungu ba Simeyoni bari Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Shawuli uwo yavyaranye n’Umunyakananikazi+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Simeyoni.
16 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi+ hisunzwe imiryango bakomokamwo: Gerushoni, Kohati na Merari+. Lewi yabayeho imyaka 137.
17 Abahungu ba Gerushoni hisunzwe imiryango yabo bari Libuni na Shimeyi+.
18 Abahungu ba Kohati bari Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli+. Kohati yabayeho imyaka 133.
19 Abahungu ba Merari bari Mahili na Mushi.
Iyo ni yo miryango y’Abalewi hisunzwe ukuntu ikurikirana+.
20 Amuramu arongora Yokebedi+ mushiki wa se wiwe, araheza avyara Aroni na Musa+. Amuramu yabayeho imyaka 137.
21 Abahungu ba Izihari bari Kora+, Nefegi na Zikiri.
22 Abahungu ba Uziyeli bari Mishayeli, Elizafani+ na Sitiri.
23 Aroni arongora Elisheba umukobwa wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni+. Araheza avyara Nadabu, Abihu, Eleyazari na Itamari+.
24 Abahungu ba Kora bari Asiri, Elikana na Abiyasafu+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Kora+.
25 Eleyazari+, umuhungu wa Aroni, arongora umwe mu bakobwa ba Putiyeli, araheza avyara Finehasi+.
Abo ni bo bakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango* w’Abalewi hisunzwe ukuntu ikurikirana+.
26 Aroni na Musa bavuzwe ng’aha ni bo Yehova yabwiye ati: «Nimukure Abisirayeli mu Misiri bari mu migwi*+.»
27 Ni bo babwiye Farawo umwami wa Misiri ngo arekure Abisirayeli bave mu Misiri+.
28 Umusi Yehova yavugana na Musa mu Misiri,
29 Yehova yamubwiye ati: «Ndi Yehova. Bwira Farawo umwami wa Misiri ibintu vyose ndiko ndakubwira.»
30 Ariko Musa yishura Yehova ati: «Ehe sinzi kuvuga neza! None Farawo azonyumviriza gute+?»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «narahiye ndugije ukuboko.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
^ Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe ingabo zabo.»