UMUNARA W’INDERETSI Mukakaro 2015 | Wokora iki ufise amaganya?
Abantu amamiliyoni barashikirwa n’ivyago be n’izindi ngorane, ariko bamwe muri bo ntibibatera amaganya cane nk’abandi. Uti gute?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Amaganya ari hose!
Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko no kugira amaganya yitwa ko asanzwe bishobora gutuma umuntu apfa hakiri kare. None wovyifatamwo gute?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Amaganya yerekeye amahera
Umugabo umwe yarashoboye kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye n’igihe ibintu vya nkenerwa vyaduga igiciro bigashika ku mamiliyaridi.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Amaganya yerekeye umuryango
Inkuru yerekeye umukenyezi yahemukiwe, akahukana ariko akirwanako, irerekana ico ukwizera gusobanura vy’ukuri.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Amaganya kubera akaga
Wokora iki igihe uhanzwe n’intambara, ubukozi bw’ikibi, ukwonona ibidukikije, ihindagurika ry’ibihe be n’ibiza?
BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA
Natera mba mubi cane
Stephen McDowell yari umusore w’inkozi y’ikibi, mugabo ubwicanyi atakoze bwaratumye ahinduka.
Guhimbara Imana vyoba bishoboka?
Twoshobora kuronka inyishu dufatiye ku buzima bwa Yobu, Loti na Dawidi, bose bakaba barakoze amakosa akomeye.
Wari ubizi?
Insyo z’amaboko zakoreshwa gute mu bihe vya kera? Imvugo ngo “mu gikiriza” isobanura iki?
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Hoba hazogera igihe ikibi kigahera?
Ibindi usanga kuri internet
Nsenze Imana yoba izomfasha?
Imana yoba vy’ukuri yitaho ingorane zacu?