Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Kahise ntikabesha”

“Kahise ntikabesha”

Ku wa 14 Ruheshi 2007, Ibiro vya posita vya Estoniya vyarasohoye itembure ya posita y’icibutso, ikaba ari iyo ubona iburyo. Isohorwa ryayo ryakurikiwe n’itangazo rivuga riti: “Iyo tembure yasohowe mu ntumbero yo kwibuka ihonyabwoko Staline yagiriye abanyagihugu bo muri Estoniya.” Hagati y’umwaka wa 1941 n’uwa 1951, abanyagihugu bo muri Estoniya ibihumbi mirongo barangajwe.

“KAHISE ntikabesha.” Iyo mvugo iramenyerewe cane muri Estoniya, kandi no mu bindi bihugu hariho imvugo mwene izo. Ni ivy’ukuri yuko tudashobora guhindura kahise, mugabo turashobora kugira ico tukigiyeko. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo wo muri Isirayeli ya kera yavuze ati: “Ivyo vyose narabibonye igihe niyumvira ibikorerwa muri iyi si, aho usanga abantu bamwe bafise ububasha, abasigaye bagakandamizwa na bo.”​—Umusiguzi 8:9, Today’s English Version.

Ibintu haheze imyaka nka mirongo bibaye muri Estoniya hamwe no mu yindi mihingo y’Uburaya bwo mu Buseruko birerekana neza ko ayo majambo yo muri Bibiliya ari ay’ukuri. Ubutegetsi bw’abantu bwarateje imibabaro abantu benshi cane ata co bazira, burabangariza iyo catawe kugira bagerereyo canke bapfungirwe mu makambi bari gukoreshwamwo ibikorwa vy’umuruho.

Nk’uko bivugwa n’abahinga mu vya kahise bo muri ico gihugu, hagati y’umwaka wa 1941 n’uwa 1951 abasivile barenga 46.000 barangajwe bakuwe muri ico gihugu gitoya. Abenshi bahorwa imvo za politike, abandi na bo bagahorwa ubwenegihugu bwabo canke ikibanza bafise mu kibano. Ariko Ivyabona vya Yehova bobo bahowe ivyo bemera.

Igitero cagizwe ku bantu b’Imana

Mu cigwa casohowe mu 2004 n’itororokanirizo ry’amakuru ryo kuri kaminuza y’i Tartu, umuhinga mu vya kahise yitwa Aigi Rahi-Tamm yavuze ati: “Kuva mu 1948 gushika mu 1951, Ivyabona vya Yehova 72 n’abandi bantu bifatanya na bo barafashwe. Ariko rero, umugambi wo kwangaza abantu ku rugero runini warateguwe wongera ushirwa mu ngiro mw’ijoro ryo ku wa 1 Ndamukiza 1951, atari gusa muri Estoniya, Letoniya na Lituwaniya, mugabo no muri Moldaviya, no mu burengero bwa Ukraine be no muri Biélorussie.”

Imbere y’umwaka wa 1951, Ivyabona vya Yehova bo muri Estoniya barafashwe, baraturubikwa, barasambishwa bongera barapfungwa. Biboneka ko iryo sekeza rishasha ryari iryo kuzimanganya buhere Ivyabona vya Yehova muri Estoniya.

Iyo tariki yo ku wa 1 Ndamukiza 1951, iraboneka kuri ya tembure twavuga mu ntango. Igitigiri 382 kiri kuri iyo tembure cerekana Ivyabona vya Yehova n’abana babo bangajwe kuri uwo musi. Muri ico gitigiri harimwo incuti be n’ababanyi batari Ivyabona vya Yehova. Ku murango, bafashe abantu mu gihugu cose. Mw’ijoro, abari bafashwe, abato n’abakuze, baciye bapakirwa mu bikontineri vyakwegwa n’igariyamoshi bigenewe ibitungwa, bajanwa muri Siberiya.

Icabona ca Yehova umwe muri abo ni uwitwa Ella Toom, * ico gihe akaba yari afise imyaka 25. Yibutse ukuntu basambishijwe, avuga ati: “Intwazangabo imwe yaragerageje kuntera ubwoba imbwira ko nohagarika kwamamaza. Igihe kimwe yambajije ati: ‘Uripfuza kubaho? Canke wipfuza gupfana n’Imana yawe mu gahinga ka Siberiya?’” Ariko Ella yarabandanije kwamamaza inkuru nziza adatinya. Yararungitswe muri Siberiya, mu nyuma amara imyaka hafi itandatu aza arimurwa akurwa mw’ikambi imwe y’ibikorwa vy’umuruho ajanwa mu yindi.

Mu bantu amajana bangajwe badaciriwe n’urubanza hari harimwo ikindi Cabona ca Yehova akiri muto yitwa Hiisi Lember. Yibutse ivyabaye ku wa 1 Ndamukiza 1951, avuga ati: “Baduteye mw’ijoro tutari tubiteguriye, baca badutegeka bati: ‘Tubahaye iminota 30, mube mwahejeje gutekera!’” Muri iryo joro, ata wubiciye n’ikanda, Hiisi n’agakobwa kiwe k’imyaka itandatu barajanywe ku gituro c’igariyamoshi. Iyo gariyamoshi y’umujegere yava ku gituro kimwe ija ku kindi igenda irahitana ibindi Vyabona vya Yehova bari bafashwe. Hiisi abandanya ati: “Baciye baduterera mw’ikonteneri igenewe ibitungwa. Amahirwe twagize ni uko amase ya nya bitungwa yari yarumiyeyo; ahandiho, ntivyari kworoha ko tugenda duhagaze. Twari tumeze nk’ibitungwa barunze mw’ikonteneri.”

Urwo rugendo rutoroshe twagize indwi zibiri n’igariyamoshi rwari rubabaje cane. Ibikonteneri twagiriyemwo vyari vyuzuye no ku bunwa kandi vyari vyuzuye umwanda. Abato n’abakuze barafatwa nabi kandi bagateterezwa mu buryo bwose. Bamwebamwe muri bo bararize, baranka no gufungura. Ariko Ivyabona vya Yehova bobo bararemeshanya bakongera bagafashanya biciye ku kuririmba indirimbo z’Imana, bagasangira n’udufungurwa baba baronse. Ahantu barungitswe, babwiwe yuko “batazokwigera bavayo” be n’uko “bagiye ubutazogaruka.”

Hiisi aribuka imfashanyo ikora ku mutima yaronkejwe n’abo basangiye ukwemera muri ivyo bihe bigoye cane; avuga ati: “Ku gituro kimwe, igariyamoshi twarimwo yarahagaze hafi y’iyindi yari ije iva muri Moldaviya. Turi mw’ikonteneri, twarumvise umugabo abaza abo twari bo be n’iyo twari tugiye. Twamubwiye yuko tutari tuzi iyo tugiye be n’uko twari Ivyabona vya Yehova bo muri Estoniya. Ivyabona vya Yehova bagenzi bacu bari muri iyo gariyamoshi yari ivuye muri Moldaviya barumvise ico kiyago. Baciye baduterera ikimanyu kinini c’umukate be n’ivyamwa bikeya babicishije mu kadirisha.” Abandanya ati: “Twaciye dutahura yuko iryo sekeza ryo gufata Ivyabona vya Yehova ryari ryakozwe mu bihugu vyose vyari bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti!”

Ivyabona vya Yehova babiri b’imiyabaga, ari bo Corinna na mwene wabo Ene, baramaze imyaka irenga itandatu baratandukanijwe na nyina wabo. Uwo nyina wabo, na we nyene akaba yari Icabona ca Yehova, ni we yari yarabanje gufatwa aca arungikwa mw’ikambi y’ibikorwa vy’umuruho. Muri rya joro ry’intibagirwa ryo muri Ndamukiza, abo bakobwa babiri na bo nyene baciye bakurwa iwabo batererwa mw’ikonteneri. Corinna arakenguruka ivyo Icabona ca Yehova umwe yamukoreye, ati: “Mw’igariyamoshi, hari Icabona ca Yehova afise abana babiri yatubwiye ko azotwitwararika yongera aradukura amazinda ko twobanye na we n’abana biwe tukaba nk’abagize umuryango.”

None vyagenze gute bashitse iyo bari bajanywe? Haciye umusi umwe dushitse mu gahinga gakanye ka Siberiya, haciye hatangura ico nokwita “akaguriro k’abaja.” Haciye haza abagabo bavuye mu mirima rusangi yo mu micungararo baza kwihitiramwo abo bazokoresha mu mirima yabo. Corinna avuga ati: “Twarabumva bahazuka bati: ‘None wewe ntiwamaze kuronka uwuzonyonga imashini yawe yo kurima? Uyu ni rwanje nanje,’ canke ukumva bavuze ngo: ‘Jewe ndamaze kuronka abakuze babiri. Banza nawe utore abakuze.’”

Corinna na Ene bari abigeme b’intwari. Mu nyuma bavuze bati: “Twarakumbura cane mawe, kandi ntiworaba ukuntu twipfuza rwose ko asubira kutugumbira n’igishika!” Naho ari ukwo, bagumye bizigiye Imana kandi bagumye batera inkuru zitwenza. Corinna yongeyeko ati: “Ku ruhande rumwe, ni vyiza kuba mawe atatubona kuko hari igihe twategekwa kuja gukora mu mbeho izura inzara ata n’agahuzu k’imbeho twambaye.”

Mu vy’ukuri, abantu ata co bazira bo muri Estoniya be n’ahandi bararenganijwe bimwe bikomeye, muri bo hakaba harimwo Ivyabona vya Yehova. (Raba uruzitiro ruvuga ngo ‘Iterabwoba ritagira uko ringana.’) Naho muri kahise Ivyabona vya Yehova bo muri Estoniya bafashwe nabi bakongera bakagirirwa nabi, baracabandanya igikorwa cabo kandi barahimbawe.

Kazoza keza kari imbere

Bibiliya iradukura amazinda yuko Yehova Imana yanka akarenganyo. Igira iti: “Uwukora ivyo bintu wese, uwugira ivy’akarenganyo wese, [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe.” (Gusubira mu vyagezwe 25:16) Naho muri kahise Imana yihanganiye ububisha, vuba igiye guhagarika akarenganyo n’ububisha. Umwanditsi w’amazaburi avuga ati: “Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:10, 11.

Ego cane, kazoza ni keza! Naho tudashobora guhindura kahise, turashobora kugira ico dukoze kugira ngo tuze tugire kazoza keza. Niwiyegereze Imana maze uze wironkere kazoza keza igitangaza, igihe ubugororotsi nyakuri buzoba bwiganje mw’isi.​—Yesaya 11:9.

^ ing. 10 Inkuru yerekeye Ella Toom iraboneka mu kinyamakuru Be maso! co muri Ndamukiza 2006 (mu gifaransa), urupapuro rwa 20-24.