Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova yarabakingiye mu bitutu vy’imisozi

Yehova yarabakingiye mu bitutu vy’imisozi

UWO mugore agitera intambwe avuye mu nzu yiwe aciye mu muryango w’imbere mu gatondo ka kare, arabona agatekero ku ngazi imbere y’umuryango. Aragatora maze akeraguza, mugabo nta muntu n’umwe abona mw’ibarabara. Umuntu atazwi ategerezwa kuba yagasize ng’aho mw’ijoro. Arugurura gatoyi ako gatekero agaca asubira inyuma agenza umugongo maze akugara umuryango. Birumvikana ko ata kundi yari kubigenza! Ivyo bintu yarungikiwe ni ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bibujijwe! Aragumbira ako gatekero, agatura isengesho mu mutima, ashimira Yehova ku bw’ivyo bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu vy’agaciro.

Ibintu nk’ivyo vyarashika mu Budagi mu myaka ya 1930. Abanazi bakimara kuja ku butegetsi mu 1933, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova caciye kibuzwa mu mihingo myinshi y’ico gihugu. Richard Rudolph, ubu akaba afise imyaka irenga 100, * avuga ati: “Twari twarajijutse ko ata tegeko na rimwe ryashizweho n’umuntu ryari gushobora guhagarika ivyo gutangaza ivyerekeye Yehova n’izina ryiwe. Ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya ni bwo buryo buhambaye twakoresha mu kwiyigisha no mu busuku. Ariko rero, kubironka ntivyari bicoroshe kubera ukwo kubuzwa. Twaribaza ukuntu igikorwa cobandanije.” Richard ntiyatevye kumenya ko yari gushobora gufasha muri ivyo akoresheje uburyo butamenyerewe na gato. Yobigiriye mu bitutu vy’imisozi.—Abac. 9:36.

MU TUYIRA TW’ABINJIZA IBIDANDAZWA MU MPISHO

Niwagenda werekeza iyo uruzi Elbe (canke Labe), amaherezo uzoshikira ya Misozi Amahero (Krkonoše), iri ku rubibe rugabura Republika y’Abaceke na Polonye. Naho iyo misozi ireha n’imetero 1.600 gusa, usanga iriko ibintu bimeze nk’ibibarafu vyinshi, kandi biramara igice c’umwaka bipfutse amasonga y’iyo misozi bifise ubwimbike bw’imetero zitatu. Abafatira mu rwara ikirere gihindagurika boshobora gusanga bari mu gipfungu c’umuzitanya coshobora gupfuka bukwi na bukwi ayo masonga.

Mu binjana n’ibindi, urwo runani rw’imisozi rwarabaye urubibe rw’akame rutandukanya intara, ubwami n’ibihugu. Ako karere gateye akaga kari kagoye kugenzura, akaba ari co gituma kera, abantu benshi bo muri  ako karere binjiza mu mpisho ibidandazwa babicishije muri iyo misozi. Mu myaka ya 1930, igihe iyo Misozi Amahero yatandukanya Cekosolovakiya n’Ubudagi, Ivyabona bashikamye baratanguye gukoresha utuyira twahebwe n’abahora binjiza ibidandazwa mu mpisho. Badukoresha mu biki? Mu gutwara ibisohokayandikiro vy’agaciro bishingiye kuri Bibiliya babikuye aho vyaboneka bitagoranye. Richard, uwari akiri umusore, yari muri ivyo Vyabona.

Bene wacu na bashiki bacu bambaye nka ba mukerarugendo baratwara ibisohokayandikiro mu Budagi babicishije muri ya Misozi Amahero

ICO TWOKWITA INGENDO ZA BA MUKERARUGENDO ZITEYE AKAGA

Richard yigana ivyo yibuka ati: “Ku mpera z’imishamvu, twagenda muri iyo misozi turi mu migwi y’abavukanyi b’abasore indwindwi canke barenga, twambaye nka ba mukerarugendo. Tuvuye ku ruhande rw’Ubudagi, vyadutwara amasaha nk’atatu kugira ngo tujabuke iyo misozi maze dushike i Špindlerův Mlýn,” kino kikaba cari ikibanza abantu benshi bakunda kugendera cari ku bilometero nka 16,5 ku ruhande rwa Cekosolovakiya. Ico gihe, Abadagi benshi baba muri ako karere. Umwe muri bo yari umurimyi yemeye gukorana n’abavukanyi. Akoresheje umukogote ukwegwa n’amafarasi wari usanzwe ukoreshwa mu gutwara abagiye mu buruhuko, yaratora amakarato y’ibisohokayandikiro mu gisagara kibanyi, aho ayo makarato yaba yarungitswe biciye kuri gariyamoshi iyakuye i Prague. Yaratwara ayo makarato ku murima wiwe maze akayanyegeza mu kazu ko hejuru kabikwamwo ivyatsi vy’ibitungwa, akarindira ko abavukanyi baza gutora ivyo bisohokayandikiro kugira babijane ku ruhande rw’Ubudagi.

Richard abandanya ati: “Tumaze gushika kuri uwo murima, twarapakira amasakoshi yacu yo ku mugongo, ayari yaragenewe ahanini gutwara imizigo iremereye. Umwe wese muri twebwe yatwara ibilo nka 50.” Kugira ngo ntibababone, bagenda bikinze ijoro, bakaba bahaguruka izuba rirenze bagashika i muhira ritaraseruka. Ernst Wiesner, akaba yari umucungezi w’umuzunguruko mu Budagi ico gihe, yaradondoye bimwe mu bintu bakora kugira ngo bikingire, ati: “Abavukanyi babiri barabitangira imbere, maze igihe cose bahuye n’umuntu, bagaca bagira ikimenyetso n’amatoroshi yabo. Ico caba ari ikimenyetso bagiriye abavukanyi bafise ya masakoshi aremereye baba bari inyuma yabo nko ku metero 100 kugira ngo binyegeze mu bisaka biri ku nzira gushika abo bavukanyi babiri bari imbere yabo bagarutse maze bakavuga akajambo kanaka bazinanyeko, kano kakaba karahinduka ku ndwi ku ndwi.” Ariko rero, Abapolisi b’Abadagi baba bambaye impuzu z’ubururu si bo bonyene bari ingeramizi.

Richard avuga ivyo yibuka ati: “Umusi umwe ku mugoroba nabwirizwa gukora igihe kirekire, akaba ari co  gituma natanze abavukanyi banje guhaguruka ngiye ku ruhande rwa Cekosolovakiya. Hari mu kajoro hakaba n’igipfungu, kandi nagenda ndajugumira mu mvura yarimwo imbeho y’igikonyozi. Narazimiriye mu duti tw’amapinusi dutoduto, kandi naramaze amasaha atari make ntaratora inzira. Ba mukerarugendo benshi barapfuye muri ubwo buryo. Igihe abavukanyi banje bari bagarutse mu gitondo ca kare ni ho gusa nahura na bo.”

Mu kiringo c’imyaka nk’itatu, uwo mugwi mutoyi w’abavukanyi b’umutima rugabo baraja muri iyo misozi buri ndwi. Mu rushana, batwara imizigo yabo y’agaciro baserereka ku bibarafu. Rimwe na rimwe, imigwi y’abavukanyi bashika 20 yarajabuka urubibe ku murango, ikoresheje utuyira twa ba mukerarugendo. Kugira ngo berekane ko ari umugwi wa ba mukerarugendo udateye akaga, bashiki bacu bamwebamwe barajana na bo. Bamwebamwe muri bo bagendera imbere maze bagaterera inkofero zabo mu kirere igihe baba babonye ikintu coshobora guteza akaga.

Amasonga apfutswe n’ibibarafu yaratuma kujabuka ya Misozi Amahero bibamwo akaga

None vyagenda gute igihe abo bavukanyi batwara ibisohokayandikiro baba bagarutse bavuye muri izo ngendo bagira mw’ijoro? Hariho intunganyo zo kwiyemeza neza ko ivyo bisohokayandikiro bica bitangwa. Gute? Ibisohokayandikiro vyaratekerwa nk’amasabuni maze bikajanwa ku gituro c’amagariyamoshi i Hirschberg. Utwo dutekero twararungikwa mu mihingo itandukanye y’Ubudagi, aho abavukanyi na bashiki bacu badushikiriza mu mpisho abo basangiye ukwemera nk’uko vyavuzwe mu ntango. Ubwo buryo bwo gutanga ibisohokayandikiro mu kinyegero bwari bugizwe n’inzira nyinshi ku buryo hagize n’imwe imenyekana vyari gushobora kugira ingaruka zikomeye. Nkako, umusi umwe intambamyi yaturutse ahantu batari biteze.

Mu 1936, hari idepo y’ibisohokayandikiro yubuwe hafi ya Berlin. Mu bintu basanzeyo harimwo udutekero dutatu twari twarungitswe i Hirschberg n’umuntu atazwi. Igipolisi carakoresheje ubuhinga bwo gusuzuma imikono kugira ngo kimenye kizigenza muri uwo mugwi winjiza ibintu mu mpisho maze kiramufata. Haciye igihe gito, abandi bantu babiri bikekwa, harimwo na Richard Rudolph, barafashwe. Kubera ko abo bavukanyi bemanze ko vyose biri ku gahanga kabo, abandi barashoboye kumara igihe kinaka babandanya kugira izo ngendo zarushiriza kubamwo akaga.

ICIGWA TUHAKURA

Ibisohokayandikiro vyazanwa mu masakoshi yo ku mugongo biciye muri ya Misozi Amahero, vyari ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyinshi vyari bigenewe Ivyabona b’Abadagi. Mugabo iyo Misozi Amahero si yo nzira yonyene vyacamwo. Gushika mu 1939, igihe inteko z’Abadagi zigarurira Cekosolovakiya, inzira nk’izo zariho ku rubibe Ubudagi bwahana n’ico gihugu. Mu bindi bihugu vyahana urubibe n’Ubudagi, nk’Ubufaransa, Ubuholande n’Ubuswise, Ivyabona bo ku mpande zompi baremeye gushira ubuzima bwabo mu kaga gakomeye kugira ngo baronse ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu abo basangiye ukwemera bari mu ruhamo.

Benshi muri twebwe muri iki gihe barashobora kuronka igitigiri bakeneye c’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya kandi bakaronka ivy’ubwoko butandukanye. Waba uronse igisohokayandikiro gishasha ku Ngoro y’Ubwami canke ukivomye ku muhora wacu wo kuri Internet jw.org, ubona gute uzirikanye ku co vyasavye kugira ngo ushobore kukironka? Bishobora kuba bitasavye ikintu gitangaje nko kujabuka amasonga y’imisozi apfutswe n’ibibarafu mu gicugu, mugabo nta gukeka ko vyasavye yuko abo dusangiye ukwemera benshi bakora bagatama, bano bakaba bagusukurira ata bwikunzi babigiranye.

^ par. 3 Yari mw’ishengero ry’i Hirschberg i Silesiya. Igisagara ca Hirschberg gisigaye ari Jelenia Góra, kikaba kiri mu bumanuko bushira uburengero bwa Polonye.