INGENE WOKWIYIGISHA

Niwungukire ku marabiro yo mu nkingi

Niwungukire ku marabiro yo mu nkingi

Amarabiro yo mu nkingi dusanga muri Bibiliya y’isi nshasha arerekana ingene Bibiliya ivuga rumwe, kuko akwerekeza ku bindi vyanditswe biguha amakuru yiyongereye. Ahari irabiro ryo mu nkingi uhabwirwa n’akadome gatoyi kaba gakurikira ijambo kanaka. Muri Bibiliya y’impapuro, kugira ngo ubone ivyanditswe batanze muri iryo rabiro, uca uraba mu nkingi akadome gasa na kamwe gakurikira iryo jambo. Kuri jw.org canke muri JW Library® na ho, ufyonda kuri ako kadome kugira ngo ubone ivyanditswe batanze mw’irabiro.

Amarabiro yo mu nkingi ashobora kukwerekeza ku vyanditswe biri muri iyi migwi mbere n’iyindi:

Inkuru isa n’iyo uriko urasoma: Raba nk’akarorero 2 Samweli 24:1 hamwe na 1 Ngoma 21:1.

Ahavuye amajambo aba yasubiwemwo: Raba nk’akarorero Matayo 4:4 hamwe na Gusubira mu vyagezwe 8:3.

Ubuhanuzi be n’ingene bwarangutse: Raba nk’akarorero Matayo 21:5 hamwe na Zakariya 9:9.