Ingene intambara n’imishamirano bitugirako ingaruka twese
«Kuva intambara ya kabiri y’isi yose irangiye, isi yarabayemwo intambara nyinshi cane ku buryo abantu imiliyaridi 2, ni ukuvuga ica kane c’ababa kw’isi, usanga baba mu duce twasinzikajwe n’izo ntambara.»
Vyavuzwe na Amina J. Mohammed, icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, ku wa 26 Nzero 2023.
Intambara n’imishamirano birashobora kwaduka ata wari avyiteze. Mbere n’ababa kure y’ahabera izo ndwano birashobora kubagirako ingaruka. Vyongeye, ingaruka z’intambara zirashobora kumara igihe kirekire naho iba yaraheze. Raba zimwezimwe muri zo:
-
Ubukene bw’ibifungurwa. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kurwanya inzara (PAM) rivuga ko «intambara ari co kintu nyamukuru gituma haba ubukene bw’ibifungurwa kw’isi. Ibice 70 kw’ijana vy’abantu bashonje kw’isi yose, ubasanga mu turere twasinzikajwe n’intambara.»
-
Ingorane zo ku mubiri be n’izijanye n’amagara yo mu mutwe. Igihe abantu babona ko mu karere babamwo hashobora kwaduka intambara biratuma bahagarika umutima be n’amaganya menshi. Ababa mu karere k’intambara barashobora kugira ibikomere ku mubiri, tutibagiye n’ingorane z’amagara yo mu mutwe. Ikibabaje ni uko akenshi bataronka n’abaganga.
-
Guteshwa izabo. Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’impunzi (HCR), rivuga ko gushika muri Nyakanga 2023 abantu barenga imiliyoni 114 ari bo bari bamaze guta izabo hirya no hino kw’isi. Ahanini ivyo bitumwa n’intambara be n’imishamirano.
-
Ingorane z’ivy’ubutunzi. Akenshi intambara zirateza abantu ingorane mu vy’ubutunzi, nk’akarorero iduzwa ry’ibiciro. Boshobora kugira ingorane nk’igihe leta yofata amahera yari agenewe indero n’amagara y’abantu, ikayakoresha mu vya gisirikare. Ikindi na co, intambara ziheze usanga gusanura ivyasambutse bitwara amahera menshi cane.
-
Ukwononekara kw’ibidukikije. Iyo ibidukikije vyononekaye, abantu barahabonera. Igihe amazi, ikirere n’ubutaka vyononekaye, birashobora guteza abantu ingorane z’amagara igihe kirekire. Ikindi na co, n’inyuma y’igihe kirekire intambara zirangiye, abantu barashobora gukomeretswa n’amamine aba yaratezwe mw’ivu.
Ata gukeka, intambara yica vyinshi kandi igatwara amahera menshi.