Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 2 2018 | Kazoza katubikiye iki?

KAZOZA KATUBIKIYE IKI?

Woba umaze kwibaza ingene wewe n’umuryango wawe muzoba mumerewe muri kazoza? Bibiliya ivuga iti:

“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

Uwu Munara w’Inderetsi uragufasha gutahura umugambi mwiza cane Imana ifitiye abantu n’isi be n’ico utegerezwa gukora kugira ngo uwungukireko.

 

Kuvuga ivya kazoza

Abantu baramaze imyaka ibihumbi biyumvira ibijanye na kazoza, bimwe bikaba ibindi ntibibe na gato.

Kuragurira ku nyenyeri no kuvuga ibizoba, vyoba bitumenyesha kazoza?

Woba ukwiye kwizigira ubwo buryo bwo kuvuga ivya kazoza?

Ubuhanuzi bwarangutse

Ibintu bitangaje Bibiliya yari yaravuze vyararangutse ido n’ido.

Icibutso gishingira intahe ubuhanuzi bw’ukuri

I Roma hariho icibutso ca kera gishingira intahe ubuhanuzi bw’ukuri bwo muri Bibiliya.

Imihango izoranguka

Ibintu vyinshi Bibiliya yavuze biramaze kuranguka, mugabo ibindi ni ivyo muri kazoza.

Urashobora kuba kw’isi ibihe bidahera

Bibiliya iratubwira ibijanye n’umugambi Umuremyi afitiye abantu.

Ni we wihitiramwo kazoza kawe!

Hari abavuga ko ibibashikira mu buzima vyose biba vyaranditswe. None vyoba ari ko biri koko?

“Abatekereza bazokwigabira isi”

Bibiliya iravuga ko hazogera igihe akarenganyo n’ububisha biveho.