UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruhuhuma 2020

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 6 Ndamukiza–3 Rusama 2020.

Umuvyeyi wacu Yehova aradukunda cane

Twoshobora kwizigira tudakeka ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda, atwitwararika be n’uko atazokwigera aduheba.

Turakunda cane Umuvyeyi wacu Yehova

Raba ibintu bitandukanye twokora kugira ngo twereke Umuvyeyi wacu Yehova ko tumukunda.

Nukurikirane amahoro mu kurwanya ishari

Vyoshika tukagira ishari. Rimbura ibintu vyodufasha kurwanya ishari maze tukagiranira amahoro n’abandi.

Nureke Yehova aguhoze

Hana, intumwa Paulo be n’Umwami Dawidi baragize amaganya. Twigira iki ku kuntu Yehova yahumurije yongera arahoza umwe wese muri bo?

INKURU Y’UBUZIMA

Kwigira ku burorero bwiza vyaratumye ndonka imihezagiro myinshi

Léonce Crépeault aratwiganira ingene uburorero bwiza bw’abantu b’abizigirwa bwamufashije gutsinda ubwoba yari afise, maze akinovora ivyiza vyinshi mu myaka 58 amaze mu murimo w’igihe cose.

Wari ubizi?

Ivyacukuwe vyemeza gute ko Belushazari w’i Babiloni yabayeho be n’uko yabaye umwami?