UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruheshi 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 6 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 2018.

“Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si”

Ukuntu Yezu yabona ivyatandukanya abantu mu gihe ciwe bikwiye gutuma tubona gute ibibazo vya politike n’ivyo mu kibano?

Ese twese twoba umwe nk’uko Yehova na Yezu bunze ubumwe

Wokora iki ngo ukomeze ubumwe burangwa mu basavyi b’Imana?

Yari gushobora gushimwa n’Imana

Akarorero ka Rehobowamu umwami wa Yuda, karadufasha gutahura ico Imana yiteze kuri umwe wese muri twebwe.

Nureke amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana bimenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima

Imana yaraduhaye ijwi ryo mu mutima, ariko dutegerezwa kwiyemeza ko rituyobora neza.

‘Nimureke umuco wanyu wake’ kugira Yehova aninahazwe

Kwamamaza inkuru nziza vyonyene ntibihagije.

INKURU Y’UBUZIMA

Narahumurijwe mu ngorane zanje zose

Edward Bazely yaragize ingorane mu muryango, ararwanywa kubera ivyo yemera, aracika intege kenshi yongera aratuntura.

Ububasha bwo kuramukanya

Indamutso irashobora kuba ngirakamaro cane naho yoba ari ngufi.

Woba uvyibuka?

Woba ushobora kwishura ibi bibazo bishingiye ku nomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba?