UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nyakanga 2019

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 28 Gitugutu gushika ku wa 1 Kigarama 2019.

Yehova araha agaciro abasavyi biwe bicisha bugufi

Ukwicisha bugufi ni imwe muri kamere zihambaye dukwiye kugaragaza. None ni gute ukwicisha bugufi kwacu gushobora kugeragezwa igihe ibintu bihindutse?

Harumagedoni ni agakuru keza cane

Ni ibintu ibihe bihambaye bizoba imbere y’uko Harumagedoni ishika? Dushobora gute kuguma turi abizigirwa uko iherezo ryegereza?

Igituma twoyobokera Yehova n’ingene twobigira

Mu bijanye no kuyoboka, abakurambere, ba serugo na ba inarugo barashobora kugira ivyo bigiye kuri buramatari Nehemiya, Umwami Dawidi na Mariya nyina wa Yezu.

“Nimuze kuri jewe, . . . nanje ndabaruhurira”

Kwitabira ako kamo ka Yezu bisaba iki? Nitwakora ibintu bitatu, tuzobandanya kuruhurirwa turi munsi y’ingogo ya Yezu.

“Ngize ntya mbona isinzi rinini”

Mu vyo Yohani yeretswe, Yehova yarahishuye abagize “isinzi rinini” bazorokoka ya makuba akomeye bakaba kw’isi ibihe bidahera abo ari bo, uko bangana be n’aho bokomotse.