Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kugira irungu mw’isi yuzuyemwo uburyo bwo guhanahana amakuru

Kugira irungu mw’isi yuzuyemwo uburyo bwo guhanahana amakuru

Kugira irungu mw’isi yuzuyemwo uburyo bwo guhanahana amakuru

GUTEREFONA biciye kuri telefone ngendanwa, kwandika ubutumwa ukoresheje telefone, kwandika amakete biciye kuri Internet, ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye, imihora yo kuri Internet yo kuganirirako, emwe, nta kindi gihe na kimwe higeze kuba hari uburyo bwo guhanahana amakuru bwinshi gutyo kandi bworoshe kuronka. Yamara, muri iyi si yuzuyemwo uburyo bwo guhanahana amakuru, abantu benshi, baba abato canke abakuze, usanga bafise irungu cane. Uti kubera iki?

Abashakashatsi John T. Cacioppo na William Patrick, mu gitabu banditse (Loneliness—Human Nature and the Need for Social Connection), baraca irya n’ino mu buryo bunogangije ibijanye no kugira irungu. Barerekeza ku cigwa cagizwe kivuga yuko “kurushiriza gukoresha ubuhinga bwa Internet bishobora gutuma abantu barushiriza kwikumira no kugira akabonge igihe ubwo buhinga busubiriye uburyo bwo kuganira imbonankubone.”

Kuba ikibano co muri iki gihe gituma abantu babwirizwa kubaho bacurumba muri vyinshi biratuma kuganira n’abandi mu buryo buri n’ico buvuze birushiriza kugora. Ukumwenyura be n’igishika, ibishobora kubonekera mu maso h’umuntu, usanga umuntu adashobora kuvyerekana biciye kuri telefone canke ku butumwa bwo kuri orodinateri.

Ivyo bihejeje kuvugwa birashobora gushika ku kazi ariko na canecane mu muryango. Mu ngo nyinshi, usanga abagize imiryango baza bakongera bakigira badasangiye ibifungurwa canke ngo bayage. Abana b’imiyabaga usanga bafise orodinateri zabo, bakabaho nk’aho umenga ntibari kumwe n’abandi bantu bo mu muryango. Ikitumvikana ni uko, naho abakiri bato benshi bafise ibikoresho vyo guhanahana amakuru vyo mu buhinga bwa none, usanga bafise irungu.

Muri iki gihe, mbere n’ubucuti buri hagati y’ababiranye burashobora kubangamirwa n’irungu. Mu gihe abubakanye bataganira birashobora gutuma bagira ubuzima aho usanga babana mugabo bakabonana gake. Kwumva ko uri wenyene kandi ubana n’uwo mwubakanye ni bumwe mu buryo bwo kugira irungu butuntuza kuruta ubundi bwose.

Canecane abavyeyi bireranye abana vyoshobora kuba ngombwa ko banyinyana no kwumva bafise irungu. Isi yuzuyemwo ivyo guhanahana amakuru, ico kikaba ari kimwe gusa mu bindi bintu vyinshi, yoshobora gutuma abo bavyeyi be n’abana babo bataba bakiganira, ivyo bigatuma barushiriza kugira irungu. N’ikindi kandi, abantu benshi batarubaka izabo usanga bipfuza cane kuronka uwo bokwubakana, mugabo ntibaronke ivyo bakeneye mu bijanye n’inyiyumvo.

Kugira irungu bisigaye ari ingorane ikomeye mu kibano ishobora gutuma haba izindi ngorane nko kwizizirwa n’inzoga, kurira agahokero, kunywa ibiyayuramutwe, ubusambanyi, eka mbere n’ukwiyahura. Birahambaye rero ko tumenya ibintu bituma umuntu agira irungu. Kubanza kumenya ivyo bintu birashobora gutuma umuntu atsinda iyo ngorane.