Urukundo nyakuri ni iki?

Kwisunga inkuru z’urukundo zikwiragiye mu masinema rimwe na rimwe bivamwo ukuvunika umutima. Urukundo nyakuri rwo rushingiye ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

Urukundo nyakuri ni iki?​—Intangamarara

Banza urabe iyi ntangamarara kugira umenye ingene iyi videwo yogufasha naho hirya no hino kw’isi ivyo kureshanya bigirwa mu buryo butandukanye.

Urukundo nyakuri ni iki?

Impanuro Bibiliya itanga zirashobora gufasha umuntu kubona ingene yohitamwo neza uwo bazokwubakana n’ingene yomukunda vy’ukuri bamaze kurushinga.