Ivyabona vya Yehova turi kw’isi yose

Nepale

  • Mu kigwati ca Tharpu co muri Nepale: Ivyabona vya Yehova bariko baganira Bibiliya n’umurimyi avuga igitamange

Nepale: Ibitigiri nyamukuru

  • Abanyagihugu: 29.165.000
  • Abigisha Bibiliya: 2.823
  • Amashengero y’Ivyabona: 43
  • Igitigiri c’Ivyabona vya Yehova ugereranije n’abanyagihugu: 1 ku 10.465

BE MASO!

“Twarakozwe ku mutima n’urukundo batugaragarije”

Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2015, nyamugigima ikomeye cane yarihaye inkumbi muri Nepale. Inyuma yaho, Ivyabona vya Yehova barerekanye ko abakirisu b’ukuri ari abantu bakundana kandi bafashanya.

AMAKURU AGEZWEHO

Ivyabona vya Yehova baragarukiye kuri benewabo bo muri Nepale

Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu bitandatu bifadikanije na Komite ijejwe gutabara yo muri Nepale, barafashije abashikiwe n’ivyago bongera barabaremesha.

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA)

Baritanze babikunze

Bashiki bacu benshi bakoreye mu mahanga, mu ntango baratinya kwimukira mu kindi gihugu. None bashize ubwoba gute? Ni ibiki bigiye mu gikorwa baranguriye mu mahanga?