Ikirundi
Ibiheruka gushirwa ku ntango y’urubuga rwacu
/assets/ct/b4d7e1101e/images/syn_placeholder_sqr.png

Ibiheruka gushirwa ku ntango y’urubuga rwacu

 

Woba wokwizigira ivyo Bibiliya ivuga?

Niwironkere inyishu biciye ku vyigwa bishingiye kuri Bibiliya dutanga ku buntu.

 

Ubuhinga bwa none bwigana ubwenge bw’umuntu bwoba buzofasha abantu canke buzobateza ingorane?

Bibiliya iravuga igituma abantu badashobora kwemeza ijana kw’ijana ko iterambere ry’ivy’ubuhinga bwa none rizokwama rikoreshwa neza.

Ubuhinga bwa none bwoba bushobora kuzana amahoro kw’isi yose?

Ubuhinga bwa none ntibushobora guhindura imitima y’abantu yuzuye umwina, urwanko canke ukwinubana. Niwirabire icoshobora guhindura imitima y’abantu.

Ingene twokwirinda indwara

Indwara zandukira nshasha n’izasubiye kwaduka zirashobora kubangamira amagara yawe. Wokwikingira neza gute?

Kubaho neza: Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi

Ubucuti dufitaniye n’abandi burakomera igihe twitwararika gutanga kuruta guhabwa.

Kubera iki wokwiga Bibiliya?

Woba wiyumvira ngo ‘Nta mwanya mfise,’ canke ngo ‘Ndanka kwemera ivyo ntazoshitsa’?

Bibiliya yoba ishobora kugufasha igihe uri mu maganya?

Bisa n’uko amaganya ari ntahara mu buzima bw’umuntu. None twoba dushobora kuyaremururwa?

Twoba twaremwe kugira dushikirwe n’imibabaro?

Imana yaremye ibintu vyiza ukuraho kw’isi, yoba yodushira mu buzima burimwo ingorane? Nimba atari ukwo, ni igiki kitagenze neza?

Igituma abantu benshi bagira irungu

Nurabe ibintu bituma abantu bagira irungu hamwe n’ibituma abantu barushiriza kwigunga.

Ukuri ku bijanye na kazoza

Niwizere ivyo Imana ivuga ku bijanye n’ingene izohezagira isi n’abantu bazoba bayibako.

Yezu yavuze iki ku vyerekeye «vya nyamugigima bikomeye»?

Haraciye nk’imyaka 2.000 Yezu avuze yuko hobaye vya nyamugigima bikomeye. Kubera iki ayo majambo ya Yezu ahambaye cane muri iki gihe?

Impanuro zogufasha mu buzima

Ibi biganiro n’aya mavidewo birimwo impanuro zogufasha mu buzima.

 

Abantu boba bohagarika intambara n’imishamirano?

Hama hariko haragirwa utwigoro two guhagarika imishamirano. Twoba twokwitega ko utwo twigoro hari ico tuzoshikako?

Bitugendera gute iyo dupfuye?

Nurabe ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye urupfu, gutyo ukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana y’urukundo itababariza abapfuye mu muriro.