Ikirundi
Ibiheruka gushirwa ku ntango y’urubuga rwacu
/assets/ct/b4d7e1101e/images/syn_placeholder_sqr.png

Ibiheruka gushirwa ku ntango y’urubuga rwacu

 

Intwaro ibereye yoba ishobora kuzana amahoro kw’isi yose?

Nta ntwaro n’imwe y’abantu ishobora kuzana amahoro kw’isi. Ariko Umuremyi wacu wewe arabishoboye kandi azobikora.

Novyifatamwo gute hagize abantoteza kuri internet?

Ivyo ukwiye kumenya n’ivyo wokora kugira wikingire.

Kubera iki nosenga? Imana yoba izonyishura?

Kugira yishure isengesho ryawe canke ntiryishure, ahanini bivana na wewe.

Yezu

Raba mw’Ijambo ry’Imana inyishu z’ibibazo wibaza ku bijanye na Yezu.

Woba wokwizigira ivyo Bibiliya ivuga?

Niwironkere inyishu biciye ku vyigwa bishingiye kuri Bibiliya dutanga ku buntu.

 

Ubuhinga bwa none bwigana ubwenge bw’umuntu bwoba buzofasha abantu canke buzobateza ingorane?

Bibiliya iravuga igituma abantu badashobora kwemeza ijana kw’ijana ko iterambere ry’ivy’ubuhinga bwa none rizokwama rikoreshwa neza.

Ubuhinga bwa none bwoba bushobora kuzana amahoro kw’isi yose?

Ubuhinga bwa none ntibushobora guhindura imitima y’abantu yuzuye umwina, urwanko canke ukwinubana. Niwirabire icoshobora guhindura imitima y’abantu.

Ingene twokwirinda indwara

Indwara zandukira nshasha n’izasubiye kwaduka zirashobora kubangamira amagara yawe. Wokwikingira neza gute?

Igituma abantu benshi bagira irungu

Nurabe ibintu bituma abantu bagira irungu hamwe n’ibituma abantu barushiriza kwigunga.

Ukuri ku bijanye na kazoza

Niwizere ivyo Imana ivuga ku bijanye n’ingene izohezagira isi n’abantu bazoba bayibako.

Yezu yavuze iki ku vyerekeye «vya nyamugigima bikomeye»?

Haraciye nk’imyaka 2.000 Yezu avuze yuko hobaye vya nyamugigima bikomeye. Kubera iki ayo majambo ya Yezu ahambaye cane muri iki gihe?

Impanuro zogufasha mu buzima

Ibi biganiro n’aya mavidewo birimwo impanuro zogufasha mu buzima.

 

Abantu boba bohagarika intambara n’imishamirano?

Hama hariko haragirwa utwigoro two guhagarika imishamirano. Twoba twokwitega ko utwo twigoro hari ico tuzoshikako?

Gutsinda irungu: Niwishingire imigambi

Bibiliya irashobora kugufasha kugira ubuzima buri n’ico buvuze, igatuma utagira n’irungu.

Ingene wotsinda urwanko​—Nukure urwanko mu mutima wawe

Nureke Ijambo ry’Imana rigufashe kwikuramwo urwanko.