Amakuru
Amakuru agezweho ya 8 avuye ku Nama Nyobozi (2020)
Uwo mu bagize Inama Nyobozi arasigura ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya budufasha kwihangana muri iki kiringo c’ikiza.
Amakuru agezweho ya 7 avuye ku Nama Nyobozi (2020)
Uwo mu bagize Inama Nyobozi aravuga ibintu vyofasha abakiri bato guhangana n’ingorane ziterwa n’iki kiza.
Amakuru agezweho ya 6 avuye ku Nama Nyobozi (2020)
Uwo mu bagize Inama Nyobozi arasigura ukuntu tubandanya kuronka ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu naho duhanganye n’ikiza.
Amakuru agezweho ya 5 avuye ku Nama Nyobozi (2020)
Uwo mu bagize Inama Nyobozi arigana ukuntu Yehova yagaragaje ko yitwararikana urukundo abasavyi biwe muri iki kiringo c’ikiza.
Nta mvo yotuma dutinya uruhamo
Mw’ikoraniro rya buri mwaka ryo mu 2019, umuvukanyi Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi yaratanze insiguro ivuga iti: “Ni igiki dukwiye gutinya?” Iyo nsiguro yarimwo akavidewo k’ivyabonywe vy’abavukanyi na bashiki bacu bariko barashikirwa n’uruhamo mu Burusiya.
Amakuru agezweho ya 4 avuye ku Nama Nyobozi (2020)
Uwo mu bagize Inama Nyobozi aravuga ivyo bazokwisunga mu gufata ingingo zo gusubira gukora ibikorwa bijanye no gusenga nk’uko vyahora.
Amakuru agezweho ya 3 avuye ku Nama Nyobozi (2020)
Niwirabire ukuntu Yehova yahezagiye intunganyo zijanye n’insiguro idasanzwe hamwe n’Icibutso c’urupfu rw’Umukama wacu.
Amakuru agezweho ya 2 avuye ku Nama Nyobozi (2020)
Nurabe ukuntu Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe muri ibi bihe bitoroshe akongera akaturonsa abungere banyarukundo batwitwararika.
Amakuru agezweho ya 1 avuye ku Nama Nyobozi (2020)
Niwumvirize ingene Ivyabona vya Yehova bo muri Koreya y’epfo, mu Butaliyano no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bariko barahangana n’ikiza
Abakirisu bo muri Koreya y’epfo ntibagize aho bahengamiye: Inkuru y’ukwizera n’umutima rugabo
Kuva mu 1953, Ivyabona vya Yehova b’abasore bagiye barapfungwa kubera banse kuja mu gisoda babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima. Muri Ruhuhuma 2019, vyarahindutse. Nurabe ivyatumye haba iryo hinduka ry’imbonekarimwe.
Ikiganiro twagiranye n’umuvukanyi Dmitriy Mikhaylov
Ku wa 29 Rusama 2018, umuvukanyi Mikhaylov yarafashwe aca amara amezi atari make apfunzwe. Mu kiganiro twagiranye, aratwiganira ingene Yehova yamufashije kwihangana, hambavu yo gufatwa mu mugongo n’umukenyezi wiwe w’umwizigirwa. Arasigura n’ingene kubwira abandi banyororo ukuri kwo muri Bibiliya vyamufashije kugumana amahoro n’umunezero.
Ikiganiro twagiranye na Profeseri Massimo P. Franchi, M.D.
“Mu mwuga wanje, ndashimira Ivyabona vya Yehova. Baratumye umuganga nkanje yumira ku buryo bwo kuvura bwa kera mbona igituma nogabanya kuvura nkoresheje amaraso be n’akamaro kavyo.”
Ibikorane vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu 2018 bizotangura muri Rusama
Ivyabona vya Yehova bazogira isekeza ryo gutumira abantu ngo bitabe ivyo bikorane ku buntu.

