Amakuru
Ntuze utangwe n’ibikorane vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!”
Vyatanguye ku wa 22 Rusama mu bibanza 11 vyo muri Amerika. Gushika muri Nzero 2016, hazoba nk’ibikorane 5.000 mu bihugu 92.
Ivyabona vya Yehova baruguruye ibiro vyo guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika muri Florida
Ivyabona vya Yehova barimuriye umurwi uhindura mu rurimi rw’ibimenyetso vy’Abanyamerika i Fort Lauderdale muri Florida, kikaba ari igisagara kirimwo abantu benshi bo mu bihugu bitandukanye bakoresha urwo rurimi.
Ivyabona barafashije abatewe n’imyuzure muri Angola
Bukeye imyuzure ruhonyanganda yihaye inkumbi mu ntara ya Benguela muri Angola, haciye hashirwaho komite yo gutabara abashikiwe n’ivyago.
Amashure y’i Gwatemala yahagurukiye ubukozi bw’ikibi mu rwaruka: Yarasavye Ivyabona vya Yehova ibitabu
Amashure yo muri Gwatemala yarasavye ibitabu ibihumbi mu gisupanyoli no mu rurimi rwitwa quiché. Ibitabu baronse biriko birakoreshwa mu mashure mu kwigisha ururimi rwitwa quiché no mu gufasha abanyeshure kugira imico runtu.
Ivyabona vya Yehova bariko batangaza amahwaniro yo mu 2015 azotangura muri Rusama
Amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova yo mu 2015 yataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” azotwereka twese ukuntu kwigana Yezu bishobora kutugirira akamaro. Ayo mahwaniro azotangura muri Rusama 2015 arangire muri Nzero 2016 mu bisagara bitandukanye vyo hirya no hino kw’isi.
Dorothy Covington, umukenyezi w’umushingwamanza Hayden Covington, yasandavye afise imyaka 92
Dorothy yarafashije Hayden Covington na Victor Schmidt kuburanira uburenganzira bw’Ivyabona vya Yehova mu myaka ya 1940 na 1950.
Ivyabona vya Yehova bariko baramenyesha muri Jeworojiya ibijanye n’ingingo Sentare y’Abanyaburaya ijejwe agateka ka zina muntu yafashe
Muri Ndamukiza 2015, haratanguye isekeza rizotuma abategetsi bamenya ibijanye n’ingingo Sentare y’Abanyaburaya ijejwe agateka ka zina muntu iherutse gufata hamwe n’ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangura bijanye n’idini.
Yatoye igifovya c’amahera aca ayasubiza nyeneyo
Icabona ca Yehova yitwa Svetlana Nemchinova yaraciye ku biti no ku mabuye arondera uwari yihenze agata mw’iyarara ibahasha irimwo amahera.
Hitezwe abantu bashika imiliyoni 20
Hirya no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova bariko baratumira abantu ku rubanza rwo kwibuka urupfu rwa Yezu. Urwo rubanza ruzoba ku wa 3 Ndamukiza 2015.
Democratic Republic of the Congo
Kongo (Kinshasa) yariyamirije ikumirwa ry’abanyeshure rishingiye kw’idini
Abategetsi barafashe ingingo yo kwanka ko amashure afashwa n’amadini yirengagiza uburenganzira abanyeshure bafise. Abana b’Ivyabona barenga 300 barirukanywe ku karenganyo gashingiye kw’idini.
Ivyabona baraciye hasi no mu kirere kugira batange imfashanyo inyuma y’isegenya rikomeye ryabaye muri Mozambike
Ivyabona vya Yehova barabandanya guha imfashanyo no kuremesha mu vy’impwemu abashikiwe n’isegenya ryihaye inkumbi mu buraruko no hagati muri Mozambike.
Ivyabona bararonse ubushimwe budasanzwe kubera bagira imigero kandi bakubaka mu buryo butabangamira ibidukikije
Inyubakwa zibiri Ivyabona vya Yehova bubatse i Wallkill muri New York zararonse agashimwe ruheta kitwa quatre Green Globes.
Amazu yo gusengeramwo yigarurirwa mu turere two mu buseruko bwa Ukraine
Imigwi yitwaje ibirwanisho yarigaruriye ku nguvu Ingoro z’Ubwami mu turere twa Donetsk na Luhansk. Ivyo vyoba ari ibitero vyapfuye kwiyadukiza canke ni uruhamo rushingiye kw’idini?
Sentare ntahinyuzwa ica imanza za Leta mu Bufaransa ikuraho ugukumirwa
Abanyororo bo mu Bufaransa basaba kugenderwa n’Icabona ca Yehova bafise uburenganzira bungana n’ubw’abanyororo bo mu yandi madini.

