Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu

Epizode ya 1: Umuco w’ukuri w’isi

Abantu bazokizwa gute icaha barazwe na Adamu? Mesiya ni we wenyene azotuma bishoboka.

Epizode ya 2: «Uyu ni Umwana wanje»

Yohani Umubatizi arategura inzira ya Mesiya. Raba ibiringo bidasanzwe vyabaye mu ntango y’igikorwa ca Yezu co kw’isi!

Epizode ya 3: «Ni jewe nyene»

Yezu arahishurira Nikodemu, Umusamariyakazi hamwe n’abantu b’i Nazareti ko ari Mesiya. Ariko abantu bakeyi b’umutima ukunze ni bo bamwemera. Mu nyuma, arakora igitangaro gihindura ubuzima bw’abantu, agaca atumira abarovyi bicisha bugufi ngo babe abigishwa biwe.

Epizode ya 4: ‘Iki ni co canzanye’

Yezu arerekana ububasha afise mu gukiza abarwaye no mu kwirukana amadayimoni. Ariko hari abamurwanya bagashaka kumwica. Yezu aragirira impuhwe abantu akongera akabigisha abigiranye ubuhanga. Vyongeye, aratora umugwi w’abantu 12 akabita intumwa.

Epizode ya 5: ‘Baratangara cane kubera uburyo yigisha’

Amaze gukiza amasinzi y’abantu, Yezu atangura kubigisha mu buryo ata wundi muntu yigeze abigira. Ububasha bwiwe, ibigereranyo, n’ibintu bisanzwe yakoresha mu kubigisha birabatangaza cane.

Epizode ya 6: «Woba uri umwe twari twiteze?»

Yezu arerekana ko afise ububasha bukomeye mu kuzura abapfuye. Ibitangaro akora hamwe n’ukuntu yigisha abantu akoresheje ubuhanga, birashira ahabona imvo bakorana ibintu. Yezu arabafasha gutahura ivyerekeye Ubwami bw’Imana akoresheje ibigereranyo.