ISEKEZA RIDASANZWE No 1 2025 | Intambara zizohera gute?
Woba ushashaye kuba mw’isi itarangwamwo intambara canke imishamirano? Benshi bobishima naho bibaza ko bitopfa bishobotse. Bibiliya iratwereka igituma utwigoro abantu bagira two guhagarika intambara ata co dushikako. Iranadusigurira igituma twokwemera tudakeka ko amahoro akwiye kw’isi yose ashoboka be n’ingene vuba atazoba akiri umugani.
Intambara be n’imishamirano bivugwa muri iki kinyamakuru, vyerekeza ku ndwano zishingiye ku vya politike ziba hagati y’imigwi yitwaje ibigwanisho canke hagati y’ibihugu. Bamwebamwe mu bavugwa muri iki kiganiro si ko basanzwe bitwa.
Amabi y’intambara
Abasoda n’abanyagihugu bose barazi amabi y’intambara.
Ingene intambara n’imishamirano bitugirako ingaruka twese
Intambara yica vyinshi kandi igatwara amahera menshi. Raba uburorero bumwebumwe.
Abantu boba bohagarika intambara n’imishamirano?
Hama hariko haragirwa utwigoro two guhagarika imishamirano. Twoba twokwitega ko utwo twigoro hari ico tuzoshikako?
Igituma intambara n’imishamirano bidahera
Bibiliya irerekana imvo zituma haba intambara n’imishamirano.
Ingene intambara n’imishamirano bizohera
Ubwami bw’Imana buzokuraho intambara maze buzane amahoro nyakuri kw’isi yose.
Ingene woronka amahoro naho hari intambara n’imishamirano
Bibiliya iriko irafasha cane abashikiwe n’ingaruka z’intambara.
Woba umaze kwibaza ibi bibazo?
Twoba tuzokwigera tuba mw’isi itarimwo intambara? Bibiliya iratanga inyishu ziremesha kuri ico kibazo, no ku bindi mwene ivyo.