Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 91

Igikorwa twakoranye urukundo

Select an Audio Recording
Igikorwa twakoranye urukundo
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Zaburi 127:1)

  1. 1. Yehova we, eh’ubu

    Dufis’umusi mukuru.

    Kuri twebw’erega, ni ‘teka

    Twe bantu buntu!

    Wagum’uhezagira

    Umwete twahagirira,

    Non’inzu yuzuye, bivuye

    Ku bunt’ugira.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova, kari agateka

    Kukwubakir’aha hantu.

    Ese twokwama mu gikorwa cawe, Mana,

    Tugushemeza mu bantu.

  2. 2. Niwirabire nawe!

    Abawe turahimbawe!

    Ni vyo tuzoguma twibuka

    Nantaryo, Dawe!

    Twakoranye mu bumwe

    Bivuye ku mpwemu yawe.

    Birashimagiza bwa bwiza

    Bw’izina ryawe.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova, kari agateka

    Kukwubakir’aha hantu.

    Ese twokwama mu gikorwa cawe, Mana,

    Tugushemeza mu bantu.