Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 90

Turemeshanye

Select an Audio Recording
Turemeshanye
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Abaheburayo 10:24, 25)

  1. 1. Uko dukorera Yehova

    Tugume turemeshanya.

    Urukundo rurakomera;

    Aho ntidukekeranya.

    Urwo tuguma dukundana

    Ruratuma twihangana.

    Ishengero n’ubuhungiro,

    Riratuma dutekana.

  2. 2. Ijambo rivuzwe ku gihe,

    Ewe kuntu riremesha!

    N’iryo tubwirwa n’abagenzi,

    Ba bandi batatubesha.

    Gukorana n’abavukanyi

    Dusangiy’icizigiro

    Biraturons’ukwihangana,

    Tugahuz’iciyumviro.

  3. 3. Nariry’umusi wa Yehova

    Ubandanya kwegereza,

    Twame dukoranira hamwe,

    Bitume twigenza neza.

    Kumwe n’abasavyi b’Imana

    Dushaka kumukorera.

    Ni yo mpamvu turemeshanya,

    Tukamugororokera.