Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 9

Yehova ni Umwami wacu!

Select an Audio Recording
Yehova ni Umwami wacu!
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Zaburi 97:1)

  1. 1. Nezerwa, shemeza Yehova!

    No mw’ijuru baramuninahaza.

    Tumuririmbire, tumushemagize,

    Twamamaz’ivyiza yakoze.

    (ICITABIRIZO)

    Majuru nezerwe, wa si we himbarwa,

    Yehov’abay’Umwami wacu.

    Majuru nezerwe, wa si we himbarwa,

    Yehov’abay’Umwami wacu.

  2. 2. Tuvuge hose mu mahanga

    Yuko Yehov’ar’Iman’idukiza.

    Yehova n’Umwami; tumushemagize.

    Twese twunam’imbere yiwe.

    (ICITABIRIZO)

    Majuru nezerwe, wa si we himbarwa,

    Yehov’abay’Umwami wacu.

    Majuru nezerwe, wa si we himbarwa,

    Yehov’abay’Umwami wacu.

  3. 3. Intwaro yiwe yarashinzwe.

    Yashize ku ngoma wa Mwana wiwe.

    Za mana z’iyi si

    nizimaramare

    Hasengwe Yehova wenyene.

    (ICITABIRIZO)

    Majuru nezerwe, wa si we himbarwa,

    Yehov’abay’Umwami wacu.

    Majuru nezerwe, wa si we himbarwa,

    Yehov’abay’Umwami wacu.