Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 88

Numenyeshe inzira zawe

Select an Audio Recording
Numenyeshe inzira zawe
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Zaburi 25:4)

  1. 1. Yehova, turi hano twakwitavye,

    Kandi raba twaje twisanga.

    Ijambo ryawe ni ryo tara ryacu,

    Ryo Sôko ry’inyigish’utanga.

    (ICITABIRIZO)

    Nunyigishe meny’inzira zawe;

    Mfasha numv’ivy’utegeka, Dawe.

    Nunyobore noye gutsitara,

    Ic’uvuze came kimpimbara.

  2. 2. Ufis’ubukerebutsi ntangere;

    Uc’imanza zihumuriza.

    Ijambo ryawe riratangaje pe;

    Ryamaho, rikigish’ivyiza.

    (ICITABIRIZO)

    Nunyigishe meny’inzira zawe;

    Mfasha numv’ivy’utegeka, Dawe.

    Nunyobore noye gutsitara,

    Ic’uvuze came kimpimbara.