Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 87

Ingo muruhurirwe!

Select an Audio Recording
Ingo muruhurirwe!
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Abaheburayo 10:24, 25)

  1. 1. Tubaye mw’is’igoye, yazimiye,

    Itaz’inzira y’Imana.

    Dukeney’ubuyobozi burama,

    Ni h’ivyacu vyororana.

    Amakoranir’araturuhura,

    Agakomez’ukwizera.

    Atuma dukor’ibikorwa vyiza,

    Kandi bikatunezera.

    Ntiduheb’itegeko rya Yehova;

    Twame dukor’ivy’agomba.

    Amakoranir’atwigish’ivyiza.

    Tuyitavye ntiduhomba.

  2. 2. Yehov’araz’ibintu dukeneye;

    Twumvir’impanuro ziwe.

    Ducungur’umwanya wo kwikoranya,

    Twizigir’Ijambo ryiwe.

    Twigishwa n’abagabo bamutinya,

    Tugakura mu kwizera.

    Turaremeshwa n’umuryango wacu,

    Be n’ivyiz’udukorera.

    Uko turindira vya bihe vyiza,

    Twame twikoranya na bo.

    Tuzoharonker’ubukerebutsi,

    Tumeny’ukuntu twobaho.