Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 83

“Inzu ku nzu”

Select an Audio Recording
“Inzu ku nzu”
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Ivyakozwe 20:20)

  1. 1. Ku nzu n’inzu no ku nzugi

    Turakwiragiza

    Bwa butumwa maz’intama

    Zikabwumviriza.

    Iyi nkuru y’uk’Ubwami

    Bw’Imana buganza

    Iravugwa mw’isi yose

    N’abayamamaza.

  2. 2. Ku nzu n’inzu no ku nzugi

    Twama dutangaza

    Ubukiriro Yehova

    Ah’abamwambaza.

    Bomwubaha gute none

    Kandi batamuzi?

    Tubabwir’ivyiwe rero

    Tutagira nkunzi.

  3. 3. Tuje rero ku nzu n’inzu

    Tuvuge nya nkuru,

    Abantu bihitiremwo,

    Ni na co gikuru.

    Yehova tuzomuvuga.

    Ni co kituranga.

    Turondey’intama ziwe

    Tuzozihasanga.