Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 82

‘Mureke umuco wanyu wake’

Select an Audio Recording
‘Mureke umuco wanyu wake’
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Matayo 5:16)

  1. 1. Yez’ati:‘Turase

    umuco wacu,’

    Nka kurya kw’izuba

    Wakir’abantu.

    Kw’Ijambo ry’Imana

    Rituyobora,

    Tuwurase biciye

    Ku vyo dukora.

  2. 2. Kwa kuri kw’Ubwami

    Tukwerekane,

    Kwats’umuco wakwo,

    Kumenyekane.

    Kuratuyobora;

    Tukugumemwo.

    Tukumenyeshe bose

    Bihitiremwo.

  3. 3. Ibikorwa vyiza

    Birashariza

    Ijambo tuvuga

    Rikaba ryiza.

    Rer’umuco wacu

    Nugume waka

    Mu gukor’ibikorwa

    Iman’ishaka.