Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 76

Uca wiyumva gute?

Select an Audio Recording
Uca wiyumva gute?
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Abaheburayo 13:15)

  1. 1. We wiyumva gute

    iy’ushiruts’ubute,

    Wihatiye kwigisha

    umunt’ashimishwa?

    Ivy’utoshobora

    Iman’izobikora.

    Iraz’ababereye

    bocik’abizeye.

    (ICITABIRIZO)

    Akamwemwe karadusya,

    maz’ishaka rikaturya!

    Twame tuyishemagiza.

    ni ’kimazi ciza.

  2. 2. We wiyumva gute

    ivy’uvuze binyuze

    Uw’umutim’ushima

    kuronk’ubuzima?

    Naho bamwe banka

    ubutumwa dutanga

    Rya zina ntitubura

    kwama turivuga.

    (ICITABIRIZO)

    Akamwemwe karadusya,

    maz’ishaka rikaturya!

    Twame tuyishemagiza.

    ni ’kimazi ciza

  3.  3. We wiyumva gute

    iyo na ho wibutse

    Yuko dushigikiwe

    na Yehov’ubwiwe?

    Tubabwiz’ukuri

    yamara mu bwitonzi.

    Kuja kubarondera

    bigiye guhera.

    (ICITABIRIZO)

    Akamwemwe karadusya,

    maz’ishaka rikaturya!

    Twame tuyishemagiza.

    ni ’kimazi ciza