Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 71

Turi ingabo za Yehova!

Select an Audio Recording
Turi ingabo za Yehova!
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Yoweli 2:7)

  1. 1. Twe ngabo za Yehova

    Turakorana.

    Dutambukira rimwe

    Ata gusigana.

    Naho Shetan’atwanka

    Ntidut’ibanga.

    Kristu ni ’ndongozi,

    Nta kidukanga.

    (ICITABIRIZO)

    Twe ngabo za Yehova

    Turunz’ubumwe

    Dutangaz’Ubwami;

    Ni co twatumwe.

  2. 2. Twe basavyi b’Imana

    Turarondera

    Intama zazimiye

    Tukazigorera.

    Abaniha tuguma

    Tubatumira

    Ku Ngoro z’Ubwami

    Tukabakira.

    (ICITABIRIZO)

    Twe ngabo za Yehova

    Turunz’ubumwe

    Dutangaz’Ubwami;

    Ni co twatumwe.

  3.  3. Bwa ngabo za Yehova

    Turasagamba.

    Dufis’ibikwiye vyo

    Kurwan’urugamba.

    Ni ngombwa twiyubare;

    Birashoboka.

    Naho hoz’akaga

    Ntitudohoka

    (ICITABIRIZO)

    Twe ngabo za Yehova

    Turunz’ubumwe

    Dutangaz’Ubwami;

    Ni co twatumwe.