Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 URURIRIMBO RWA 7

Yehova we, uri inkomezi zacu!

Select an Audio Recording
Yehova we, uri inkomezi zacu!
UKO VYIPANGA

(Yesaya 12:2)

  1. 1. Yehov’uratuber’inkomezi,

    Umukiza wacu n’umugenzi.

    Tuzoguma tukuburanira

    Naho bokwank’ivyo tubabwira.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova wewe nkomezi zacu,

    Turakuyaga Mana yacu.

    Ufis’ububasha burengeye.

    Ni we buhungiro twironkeye.

  2. 2. Umuco waw’uraturyohera,

    Ukabonwa n’abawurondera.

    Twaratahuy’ivy’udutegeka,

    Duhitamw’Ubwami tudakeka.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova wewe nkomezi zacu,

    Turakuyaga Mana yacu.

    Ufis’ububasha burengeye.

    Ni we buhungiro twironkeye.

  3. 3. Dukor’ivy’ugomba turyohewe

    Naho Shetan’atanezerewe.

    Naho yotwica, Mana dufashe

    Dushikame, twame tukwubashe.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova wewe nkomezi zacu,

    Turakuyaga Mana yacu.

    Ufis’ububasha burengeye.

    Ni we buhungiro twironkeye.