Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 67

‘Niwigishe rya Jambo’

Select an Audio Recording
‘Niwigishe rya Jambo’
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(2 Timoteyo 4:2)

  1. 1. Imana yadutegetse

    Kuyumvira nk’uko yatweretse.

    Twame rero twiteguriye

    Gusigur’ibintu twizigiye.

    (ICITABIRIZO)

    Tubigishe

    Kugira bategere.

    Twigishe,

    Iyi s’igir’ihere.

    Twigishe,

    Uwitond’atahure.

    Twigishe;

    Hose bumve.

  2. 2. Tuzohura n’ingorane.

    Naho boturwanya twihangane.

    Twigishe mu gihe kigoye

    Twiheke ku Mana yadutoye.

    (ICITABIRIZO)

    Tubigishe

    Kugira bategere.

    Twigishe,

    Iyi s’igir’ihere.

    Twigishe,

    Uwitond’atahure.

    Twigishe;

    Hose bumve.

  3. 3. Habonets’akaryo keza

    Twigishe barya bari mu mwiza,

    Tuberek’ingene bokira,

    Yehova twame tumuvugira.

    (ICITABIRIZO)

    Tubigishe

    Kugira bategere.

    Twigishe,

    Iyi s’igir’ihere.

    Twigishe,

    Uwitond’atahure.

    Twigishe;

    Hose bumve.