Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 66

Tangaza ya nkuru nziza

Select an Audio Recording
Tangaza ya nkuru nziza
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Ivyahishuwe 14:6, 7)

  1. 1. Bwa Bwami ntitwari tuz’ibiburanga.

    Ubu rwa Ruvyaro ntirukir’ibanga.

    Yehova ni we Mana y’ubutungane.

    Yabonye ko tumerewe nabi cane

    Ac’agena wa Mwami w’intahemuka.

    Hogez’igihe ya ntwaro

    y’Ubwam’ivuka.

    Abagiz’ubusho buto bozaniwe

    Uwo Mwana bakab’umugeni wiwe.

  2. 2. Ubu turatangaza ya nkuru nziza.

    Yehov’ashaka ko tuyikwiragiza.

    Abamarayika baramushimisha,

    Kuko bafasha kuyimenyekanisha.

    Turi n’ibanga be n’iteka twatewe

    Ryo guhay’izina ryiwe

    tunezerewe.

    Twaratew’iteka ryo kumwitirirwa,

    Tuvug’iyo nkuru kuko vyihutirwa.