Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 65

Tera uja imbere!

Select an Audio Recording
Tera uja imbere!
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Abaheburayo 6:1)

  1. 1. Ter’uj’imber’ub’umunt’akuze

    Ras’umuco ntibavuge ko bawubuze.

    Ryohor’igikorwa cawe wibuke

    Kw’Iman’izogufasha.

    Erega nawe wogikora!

    Kukw’ari Yez’akiyobora.

    Wizigiy’Iman’uzobishobora,

    Ni y’itang’ububasha.

  2. 2. Ter’uj’imbere wam’ushing’intahe

    Ku muntu wese naho yob’aturuka he.

    Ku nzu n’inz’ubutumwa tububahe.

    N’akaryo tutogisha.

    Nah’abansi boba bagazwe

    Ntutinye, kukw’ar’ibisanzwe.

    Bwa Bwami kw’ari ngombwa butangazwe

    Gum’uja kubwigisha.

  3.  3. Ter’ujimbere kand’utarambirwa.

    Ryohor’ubuhanga

    ni ho wororanirwa.

    Impwemu ya Yehova ntinanirwa.

    Uzokwumv’uryohewe.

    Kunda bary’uja kurondera,

    Ubandanye kubagendera,

    Abater’imber’ukabigorera,

    Bumve batomokewe.