Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 62

Rwa ruririmbo rushasha

Select an Audio Recording
Rwa ruririmbo rushasha
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Zaburi 98)

  1. 1. Muririmbire Yehov’indirimbo nshasha.

    Tangaz’ivy’akora, bimwe vy’ububasha.

    Ni nyen’intsinzi, Imana y’ubutungane.

    Nimumushemeze

    Hose vyumvikane.

    (ICITABIRIZO)

    Ririmbe

    Ya ndirimbo nshasha!

    Ririmbe

    Yehov’araganza!

  2. 2. Muh’iyo mpundu! Muhaye mwivuy’inyuma!

    Mbeg’izina ryiwe har’uworinuma?

    Kumwe n’isinzi, nimutazir’iyo Mana,

    Inanga n’inzamba

    Bivuzwe bijana.

    (ICITABIRIZO)

    Ririmbe

    Ya ndirimbo nshasha!

    Ririmbe

    Yehov’araganza!

  3. 3. Ewe kiyaga, muhay’umuhayagize!

    Biremwa vyo kw’isi, mumushimagize.

    Wa butaka we, namwe nzuzi muh’amashi,

    Namwe mwa misozi,

    Tazir’uwo Mwami.

    (ICITABIRIZO)

    Ririmbe

    Ya ndirimbo nshasha!

    Ririmbe

    Yehov’araganza!