Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 61

Tera muja imbere, yemwe Vyabona!

Select an Audio Recording
Tera muja imbere, yemwe Vyabona!
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Luka 16:16)

  1. 1. Abasavyi b’Imana biyemeje

    Kuvuga ya nkuru nziza bakobeje.

    Shetani we yamy’abarwanya.

    Yehov’arabafasha, ntibaganya.

    (ICITABIRIZO)

    Rero yemwe Vyabona nimuj’imbere!

    Gukorana n’Imana bibanezere!

    Menyesha hose kw’isi nshash’igir’ize,

    Kw’imihezagiro yimirije.

  2. 2. Ntitwironderera kwidibamira;

    Guhimbar’isi si vyo duharanira.

    Tugume tutandujwe n’isi

    Be n’inyosha mbi zo mur’iyi misi

    (ICITABIRIZO)

    Rero yemwe Vyabona nimuj’imbere!

    Gukorana n’Imana bibanezere!

    Menyesha hose kw’isi nshash’igir’ize,

    Kw’imihezagiro yimirije.

  3. 3. Ubwami bw’Imana barabwihoza,

    Izina ryayo na ryo bakarityoza.

    Vyabona, nimuze turyeze.

    Mu mahanga yose turishemeze.

    (ICITABIRIZO)

    Rero yemwe Vyabona nimuj’imbere!

    Gukorana n’Imana bibanezere!

    Menyesha hose kw’isi nshash’igir’ize,

    Kw’imihezagiro yimirije.