UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Yesaya 30:20, 21)

  1. 1. Har’inzira nziza

    Kandi y’amahoro.

    Ni ya nzira wiga

    Ugiz’akigoro.

    Imwe Yezu Kristu

    Wumva akwigisha.

    Ng’iy’inzira nyayo

    Yehov’atwumvisha.

    (ICITABIRIZO)

    Ng’iy’inzira, emwe, Ng’iy’inzira.

    Ntusamare, Wohav’uzimira!

    Turumv’ijwi ngo: ‘Ng’iy’inzira.

    Rab’imbere, ego, Ng’iy’inzira.’

  2. 2. Har’inzira nziza

    Kandi y’urukundo.

    Ni yo Yehov’ashaka

    Yuko ducamwo.

    Urukundo rwiwe

    Rushika ku nyota.

    Ng’iy’inzira nziza

    Izoturokora.

    (ICITABIRIZO)

    Ng’iy’inzira, emwe, Ng’iy’inzira.

    Ntusamare, Wohav’uzimira!

    Turumv’ijwi ngo: ‘Ng’iy’inzira.

    Rab’imbere, ego, Ng’iy’inzira.’

  3.  3. Har’inzira nziza

    Kandi y’ubuzima.

    Iman’ivuga ko

    Ari yo twoshima.

    Ni yo y’ubuzima,

    Nta yindi twojana.

    Ng’iy’inzira, kuko

    Tuyikesh’Imana!

    (ICITABIRIZO)

    Ng’iy’inzira, emwe, Ng’iy’inzira.

    Ntusamare, Wohav’uzimira!

    Turumv’ijwi ngo: ‘Ng’iy’inzira.

    Rab’imbere, ego, Ng’iy’inzira.’