Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 44

Isengesho ry’umuntu mutoyi

Select an Audio Recording
Isengesho ry’umuntu mutoyi
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Zaburi 4:1)

  1. 1. Yehova, ngusavye nti: “Wumv’isengesho

    ryanje.”

    Ndi n’inguma zikomeye

    ntokwikiz’ubwanje.

    Amaganya n’umwiheburo ni

    vyo binganje.

    Wew’uduhoza ntabara,

    ewe Mana yanje.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova we, mpagurutsa.

    Nzazaniwe wonyibutsa.

    Nihebuye ndakwitura.

    Mp’utuguvu two kumvyura.

  2. 2. Iyo ncits’intege mpungira

    mw’Ijambo ryawe,

    Rikampumuriza bimwe

    bitovugwa, Dawe.

    Mp’ukwizera kuva mw’Ijambo

    ryawe rizima.

    Numfashe menye yuko

    wew’urut’imitima.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova we, mpagurutsa.

    Nzazaniwe wonyibutsa.

    Nihebuye ndakwitura.

    Mp’utuguvu two kumvyura.