Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 43

Isengesho ry’ugukenguruka

Select an Audio Recording
Isengesho ry’ugukenguruka
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Zaburi 95:2)

  1. 1. Ewe Yehova wewe Mana nziza,

    Akir’isengesho tugutuye.

    Tuzogukorera ko twakwizeye.

    K’utwitaho twumva duturuye.

    Ntirirenga tutagucumuyeko.

    Mana we, tugirir’ikigongwe!

    Warakoze kuturonsa ya ncungu.

    Wadutabaye twari tugowe.

  2. 2. Waratwiyegereje, Mana nziza.

    Urw’udukunda ruzodukiza.

    Twigishe tumenye kugamburuka,

    Kuri wewe tub’intahemuka.

    Impwemu yaw’irafis’ububasha.

    Tukuvugira kukw’idufasha.

    Twe bantu batoy’uratwigorera

    Urakoze ku vy’udukorera.