Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 4

“Yehova ni we Mwungere wanje”

“Yehova ni we Mwungere wanje”

(Zaburi 23)

  1. 1. Yehova we, ndagukunda.

    Wamberey’Umwungere.

    Nzokwemer’unyobore, Mana,

    Nanje nkuyobokere.

    Ahantu havomerewe

    Ni h’uja kundagira,

    Kand’ukanyobor’udahemuka,

    Nanje nkitekanira.

    Kand’unyobor’udahemuka

    Nanje nkitekanira.

  2. 2. Inzira zawe, Muvyeyi

    Ni zo zinduhurira.

    Rya zina ryawe je nipfuza

    Ko ntorihemukira.

    Mu myonga y’umuzitanya

    Nta kizonter’ubwoba,

    Kukw’inkoni yaw’ic’ingarura

    Ngo ntihagir’ico mba.

    Inkoni yaw’irangarura

    Ngo ntihagir’ico mba.

  3. 3. Ni wewe Mwungere wanje,

    Nzokwemer’unyobore.

    Ivyo nkener’urabindonsa.

    Nzoshima, nishongore.

    Wewe ntiwihindukiza

    Mw’ijamb’usezeranye.

    Ntunkureko rwa rukundo rwawe,

    Kandi wam’unzigamye.

    Ntunkurek’urukundo rwawe,

    Kandi wam’unzigamye.

(Raba kandi Zab. 28:9; 80:1.)