Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 38

Imana izogukomeza

Select an Audio Recording
Imana izogukomeza
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(1 Petero 5:10)

  1. 1. Yehova yabonye ko war’unyotewe

    Kumumenya no kumukorera,

    Maze na we ac’arakumurikira,

    Ubu none rab’uraryohewe!

    Wamubwiye yuk’uzomwumvira,

    Kand’azogufasha kubigira.

    (ICITABIRIZO)

    Waguzwe ya maraso;

    wegukir’Imana.

    Izogukomeza,

    uhez’ushikame.

    Izokuyobora

    yonger’ikuzigame.

    Izogukomeza,

    uhez’ushikame.

  2. 2. Yarahevye Yezu kuko yagukunze.

    Ashaka k’umuber’umugenzi.

    Kw’atimanye mbega ca kinege ciwe,

    Wumva non’azokwim’inkomezi?

    Ntazibagir’ukwizera kwawe.

    Azotwitaho, kukw’ari Dawe.

    (ICITABIRIZO)

    Waguzwe ya maraso;

    wegukir’Imana.

    Izogukomeza,

    uhez’ushikame.

    Izokuyobora

    yonger’ikuzigame.

    Izogukomeza,

    uhez’ushikame.