Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 35

‘Turabe neza ibihambaye kuruta ‘

Select an Audio Recording
‘Turabe neza ibihambaye kuruta ‘
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Abafilipi 1:10)

  1. 1. Ubu ni ngombwa ko dutahura

    Ni ho bitotugora.

    Kumeny’ibihambaye kuruta

    Tugaca tubikora.

    (ICITABIRIZO)

    Kund’iciza, wank’ikibi

    Nk’uko kiri.

    Maz’uhezagirwe utahuye,

    Ucaguye,

    Ibihambay’ukabikora!

  2. 2. Nta kiruta kuvuga ya nkuru nziza

    Yez’umutima.

    Turonder’intama za Data,

    Zihitemwo bwa buzima.

    (ICITABIRIZO)

    Kund’iciza, wank’ikibi

    Nk’uko kiri.

    Maz’uhezagirwe utahuye,

    Ucaguye,

    Ibihambay’ukabikora!

  3. 3. Twitayeho birya bihambaye

    Ni ho tuzohimbarwa.

    Tuzogir’amahor’agwiriye

    Dukoz’ivyo dusabwa.

    (ICITABIRIZO)

    Kund’iciza, wank’ikibi

    Nk’uko kiri.

    Maz’uhezagirwe utahuye,

    Ucaguye,

    Ibihambay’ukabikora!