Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 22

Bwa Bwami ubu bwaravutse—Nibuze!

Select an Audio Recording
Bwa Bwami ubu bwaravutse—Nibuze!
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Ivyahishuwe 11:15; 12:10)

  1. 1. Yehova, wewe wamyeho

    Kand’uzokwamaho.

    Wimitse wa Mwana wawe,

    Umushing’intwaro.

    Bwa Bwam’ubu bwaravutse.

    Buzotegek’isi yose.

    (ICITABIRIZO)

    Haj’ubukiriro.

    Bwa Bwam’ubu bwaravutse.

    Dusenga dusaba

    Duti: “Nibuze, Nibuze!”

  2. 2. Shetan’agiye kuvaho,

    Amarushw’ahere.

    Nah’ibi bihe bigoye,

    Turabon’imbere.

    Bwa Bwam’ubu bwaravutse.

    Buzotegek’isi yose.

    (ICITABIRIZO)

    Haj’ubukiriro.

    Bwa Bwam’ubu bwaravutse.

    Dusenga dusaba

    Duti: “Nibuze, Nibuze!”

  3.  3. Mw’ijur’impundu ni nyinshi

    Mu bamarayika

    Shetani yarirukanywe,

    Ubu ntahashika.

    Bwa Bwam’ubu bwaravutse.

    Buzotegek’isi yose.

    (ICITABIRIZO)

    Haj’ubukiriro.

    Bwa Bwam’ubu bwaravutse.

    Dusenga dusaba

    Duti: “Nibuze, Nibuze!”