Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 151

Izohamagara

Select an Audio Recording
Izohamagara
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Yobu 14:13-15)

  1. 1. Ubuzima ni nk’urume gusa,

    Bunyaruka kwigira.

    Ntiduteba guhinduk’ubusa;

    Hasigar’amarira.

    Mbeg’uwupfuye azogaruka?

    Ng’ik’ic’Iman’ivuga:

    (ICITABIRIZO)

    Izohamagara maze

    Abapfuye bitabe.

    Kukw’igikorwa cayo

    Izob’igishashaye.

    Vyizere, izotuzura.

    Izob’idutabaye,

    Tubeh’ibihe vyose,

    Kand’irabishashaye.

  2. 2. Abapfuye ar’intahemuka

    Oya ntibazohebwa.

    Bazozuka, kukw’irabibuka,

    Bitume tunezerwa.

    Tuziyamira mu munezero,

    Turi mw’Iparadizo.

    (ICITABIRIZO)

    Izohamagara maze

    Abapfuye bitabe.

    Kukw’igikorwa cayo

    Izob’igishashaye.

    Vyizere, izotuzura.

    Izob’idutabaye,

    Tubeh’ibihe vyose,

    Kand’irabishashaye.