Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 149

Ururirimbo rw’intsinzi

Select an Audio Recording
Ururirimbo rw’intsinzi
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Kuvayo 15:1)

  1. 1. Haya Yehova. Izina ryiwe ryamamaye.

    Abanyamisiri yabataye mu mazi.

    Tumushemeze;

    Atari we nta yindi Mana.

    N’uwitwa Yehova.

    Atahukany’intsinzi.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova we Nyen’ububasha,

    Wamyeho no mu bihe vyaheze,

    Vub’abansi baw’uzobahasha

    Maz’izina ryaw’uryeze.

  2. 2. Eh’amahanga ukungen’arwanya Yehova!

    Nah’aruta Farawo

    Na yon’azoneshwa.

    Azorubona;

    Ntazosimba Harmagedoni.

    Bose bazomenya

    Yuko yitwa Yehova.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova we Nyen’ububasha,

    Wamyeho no mu bihe vyaheze,

    Vub’abansi baw’uzobahasha

    Maz’izina ryaw’uryeze.