Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 148

Yehova ararokora

Select an Audio Recording
Yehova ararokora
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(2 Samweli 22:1-8)

  1. 1. Yehova we, vy’ukur’ur’Imana nzima!

    Wakoze vyinshi pe,

    nta wutogushima.

    Nta yindi man’ikora kumwe kwawe.

    Yova he?

    Abans’uzohonya.

    (ICITABIRIZO)

    Yehov’ararokora abizerwa.

    Abamusenga bagiye kubibona.

    Muze rero ata gutinya

    tumuhaye,

    Ni we Mana iturokora,

    ihambaye.

  2. 2. Ndahanzwe, Mana, nta wundi notabaza:

    “Yehova, nkomeza,

    ni wewe nambaza.”

    Ndazi k’unyumva mu vyo nkuganyira,

    “Nkingira;

    Ndokora, se Mana!”

    (ICITABIRIZO)

    Yehov’ararokora abizerwa.

    Abamusenga bagiye kubibona.

    Muze rero ata gutinya

    tumuhaye,

    Ni we Mana iturokora,

    ihambaye.

  3.  3. Uzokwasanira

    mw’ijuru nk’inkuba.

    Abakwanka bose

    bazovyumva vuba.

    Uzocik’ic’ushaka kuba cose,

    tubone

    Ingen’urokora.

    (ICITABIRIZO)

    Yehov’ararokora abizerwa.

    Abamusenga bagiye kubibona.

    Muze rero ata gutinya

    tumuhaye,

    Ni we Mana iturokora,

    ihambaye.