Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 145

Imana yarasezeranye Iparadizo

Select an Audio Recording
Imana yarasezeranye Iparadizo
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Luka 23:43)

  1. 1. Hazobaho Iparadizo,

    Nk’ukw’Imana yabivuze.

    Nta marira, eka nta rupfu

    Bizogenda bigarutse.

    (ICITABIRIZO)

    ’Paradizo turizera

    Kw’izobaho nihagera.

    Krist’agiye kuyizana

    Kukw’Imana ayumvira.

  2. 2. Ng’aha kw’isi vuba Yehova

    Azozura abapfuye.

    Yezu ati: ‘Mw’Iparadizo

    Tuzobana, ndabivuze.

    (ICITABIRIZO)

    ’Paradizo turizera

    Kw’izobaho nihagera.

    Krist’agiye kuyizana

    Kukw’Imana ayumvira.

  3. 3. Umuhango w’Iparadizo

    Twawuhawe na Rurema.

    Dushimire Yehov’Imana

    Wa Muvyeyi twikundira.

    (ICITABIRIZO)

    ’Paradizo turizera

    Kw’izobaho nihagera.

    Krist’agiye kuyizana

    Kukw’Imana ayumvira.