Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 URURIRIMBO RWA 140

Ubuzima bwamaho!

Select an Audio Recording
Ubuzima bwamaho!
UKO VYIPANGA

(Yohani 3:16)

  1. 1. Ibaze bose kw’isi

    Bibanira mu bumwe.

    Kwiganyira, kurira,

    Vyabay’umugani.

    (ICITABIRIZO)

    Ririmba! Nezerwa!

    Na wewe woterwa

    Iteka ryo kubaho

    Ukazokwamaho.

  2. 2. Nta n’umwe ico gihe

    Azoba agisaza.

    Eka ng’aho nta vyago

    Bikihari yemwe!

    (ICITABIRIZO)

    Ririmba! Nezerwa!

    Na wewe woterwa

    Iteka ryo kubaho

    Ukazokwamaho.

  3. 3. Kwibera mw’isi nshasha

    Nta wutazobishima.

    Tuzokwama duhaya

    Ya Mana Rurema.

    (ICITABIRIZO)

    Ririmba! Nezerwa!

    Na wewe woterwa

    Iteka ryo kubaho

    Ukazokwamaho.