Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 14

Shemeza Umwami mushasha w’isi

Select an Audio Recording
Shemeza Umwami mushasha w’isi
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Zaburi 2:12)

  1. 1. Har’isinzi twibonera

    rivuye mu mahanga,

    Ryegeranijwe na Kristu

    be n’abiwe bitanga.

    Ubwami bwa Ya bwavutse

    Hace hakorw’ivy’avuze.

    Icizigiro cagarutse,

    Tunezerwe tutikanga.

    (ICITABIRIZO)

    Shemeza Yehova; Shemeza na Yezu

    Wa Mwami w’abam’akomeye.

    Twes’ingo tuyobok’ubwo Bwami

    Kuko bubibereye.

  2. 2. Turigina Krist’Umwami

    wacu w’icubahiro,

    Azoshirah’amahoro

    turonk’ubukiriro.

    Ivyiza ntibizobura:

    Kw’is’ubwob’azobukura

    N’abari mu mv’azobazura

    Intuntu ib’umuziro.

    (ICITABIRIZO)

    Shemeza Yehova; Shemeza na Yezu

    Wa Mwami w’abam’akomeye.

    Twes’ingo tuyobok’ubwo Bwami

    Kuko bubibereye.