Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 138

Ubwiza bw’imvi

Select an Audio Recording
Ubwiza bw’imvi
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Imigani 16:31)

  1. 1. Turafis’abageze

    Mu zabukuru,

    Kandi ntibadohoka

    Ku yo mw’ijuru.

    Barabur’utuguvu,

    Bagapfakara.

    Data, bahumurize

    K’uzobahemba.

    (ICITABIRIZO)

    Data, nubibuke

    Kand’ubahoze.

    Bashimire bumve

    Yuko bakoze.

  2. 2. Imvi ni nk’urugori

    Ku bizigirwa

    Ku Mana ni ’kirezi;

    Barikundirwa.

    Mu buto na bo nyene

    Baranyaruka.

    Barakorey’Imana

    Badahemuka.

    (ICITABIRIZO)

    Data, nubibuke

    Kand’ubahoze.

    Bashimire bumve

    Yuko bakoze.